Uwo ndi.
Amahoro! Ngira nikore mugahogo ntahogora mpibongoze, ntambe ntarike ndabayagire akaranga atari akaranda karanze abasokuru. Nsindi ibamba, eka mbere nsinabambawe Nsindi ingumba ngo nigwe n'ibigumbagumba iyo mbonye abarondotse bahimbawe. Ndi umutsima uryohera abawusomeje umuhondo k'umusi nk'uyu wiravye ingondo Bagatera impundu iyo uriko wigina mw'ibondo. Nsindi igitikatika gititura isi,ndi agati gatogato gatanga agacanwa gatagatisha inkono ihonora abashonje ab'imitima mibi bagatimamukwa. Ndi umucuraranzi acurarangana umwete n'ubwira uwunyishinze nkamushinguramwo igihumbi. Ndi umuririmvyi aririmbana akanyamuneza n'urweze mu gushimisha abatamvyi n'abarorerezi atawe arengeye akarimbi. Ndi umucuzi acura aticurikiriye nkacura icuma ciza cuzuye cicarika ibicoco n'incabwenge. Nca hasi no mu bicu nkacacanya nk'urucaca mu kubacira ku mayange. Nshwashwanukira abashitsi Abashajije n'abadashajije Abakiri bato n'abashaje Abashaka n'aba...