Uwo ndi.

Amahoro!

Ngira nikore mugahogo ntahogora mpibongoze, ntambe  ntarike ndabayagire akaranga atari akaranda karanze abasokuru.

Nsindi ibamba, eka mbere nsinabambawe
Nsindi ingumba ngo nigwe n'ibigumbagumba iyo mbonye abarondotse bahimbawe.

Ndi umutsima uryohera abawusomeje umuhondo k'umusi nk'uyu wiravye ingondo
Bagatera impundu iyo uriko wigina mw'ibondo.

Nsindi igitikatika gititura isi,ndi agati gatogato gatanga agacanwa gatagatisha inkono ihonora abashonje ab'imitima mibi bagatimamukwa.

Ndi umucuraranzi acurarangana umwete n'ubwira uwunyishinze nkamushinguramwo igihumbi.
Ndi umuririmvyi aririmbana akanyamuneza n'urweze mu gushimisha abatamvyi n'abarorerezi atawe arengeye akarimbi.

Ndi umucuzi acura aticurikiriye nkacura icuma ciza cuzuye cicarika ibicoco n'incabwenge.
Nca hasi no mu bicu nkacacanya nk'urucaca mu kubacira ku mayange.

Nshwashwanukira abashitsi
Abashajije n'abadashajije
Abakiri bato n'abashaje
Abashaka n'abadashaka, nkabashimisha kuva kw'ino gushika ku mushatsi.

Nsinshengerana injishi ngo nshengurukane umushambara
Nshengerana ishishiro n'ibisabisho nkashengurukana agashimwe.

Ndavuga nsimvura, ndivuga nkivugavuga ntivuguruza nk'umugenduzi w'ibigega
Nsimvugira umuvumbi ku muvumba nohava ndya imvumba nkaruhukira mw'ibenga.

Ndishima nkishimiriza mu gushimira no gushimagiza uwanshimishije.
Uwo nawe ntawundi atari Imana nzima namiza kumutima yangabiye umucunguzi yancunguye izuba riva i Golgotha kuri ca gihe cisaha yicenda aho yacikana mu kwitanga nk'iciru c'igicumuro cama kincura kikancuranguza.

Nzokwama ndayisenga nongera ndayisega ibindi vyiza bisumbirije kuko insumbira abansumira n'abansomya ku mukenke.Nciye ku mayange.

Gira amahoro ni ayo umukunzi!

Vyanditswe kw'igenekerezo rya 14 Gitugutu 2018 na Melchisédeck Boshirwa, Poète Burundais
(Ukwivuga, ukwikora mugahogo).


Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

Où est allé votre amour scolaire?

La poésie au Burundi

Ma perle rare