Gushimira Imana

Ngira nivuge!

Ngira nivuge nongere nivugavuge nitvuguruza kuko nsimvugira umuvumbi kumuvumba nohava ndya imvumba.

Ngira nikore mu gahogo mvuge ntayogora kandi ntahogora nivuge nivugavuge, nishime nishimirize mu gushima nshimira uwanshimishije.

Uwo nawe nta ntawundi atari Imana nzima namiza ku mutima yangabiye umucunguzi yancunguye izuba riva i Golgota kuri ca gihe c’isaha y’icenda aho yacikana mu kwitanga nk’iciru c’igicumuro cama kincura kikancuranguza.

Mana yanje, koko nsinoreka kwivuga ngo nivuge urukundo rwawe rurengeye ingero, urukundo rwawe ngirakamaro.

Hinge ntangure mbwire isi yose ko uri Rugiravyose, Rugabinka n’ibibondo, Nyenamahoro, Nyenubweranda, Nyenimpuhwe, , Nyenimbabazi, Nyenikigongwe, Nyenurukundo.

Mpagaze imbere yawe ngo mpaye nongere mpayagize n’ijwi rirenga ivyiza vyawe vyose vyeranda vyeza imitima y’Aberanda, nongere nce mu nzira zose nsasagaze hose ikigongwe cawe cuzuye cama kidukiza igicumuro cose co karanda.

Mana Nzima, Ubwiza bwawe n’agaciro kawe birengeye vyose kandi agashusho kawe keza kariyerekana ku kiremwa cose, ariko abantu benshi batazi ico ari co agaciro kawe, iyo bariko bashira isoni mu gukora ibiterasoni bahahamuka bahoha izina ryawe.

Abigira incabwenge n’abashakashatsi nabo barashaka kwigira ivyamamare, mu guca ku biti no kumabuye, muguca hasi no hejuru ngo bakeneye kumenya ububasha bwawe, nawe ukihorera ukabareka bakimaramaza, gutyo bibataye ku wamazi bagapfana ibimaramare.

Mukama wanje, iyo nibutse akabi kabishe k’ibicumuro ntasiba gukora, ndicuza nkaca mpfukama mpfukamanga imbere yawe, nkagusaba ikigongwe .

Iyo nibutse naho ko wama ugirira ivyiza vyinshi, bitagira ingero, ariko umunezero nkawugaragariza mu kabare aho kuja m’isengero kugusenga ngo nkusege ibindi vyiza bisumbirije, ndigaya nkaca nterera mu gahongo mu kugushimira, mpaya mpayagiza nongera ninahaza izina ryawe ryeranda.

Mana yanje, Mukama wanje, nari mfise n’ibindi vyiza vyawe  vyinshi vyo kuvuga no kurata vyerekeye urukundo n’ikigongwe vyawe, ariko nyemerera nikebanure ntakwikebanuye kuko unsumbira abansumira n’abansomya ku mukenke.

Nzokwama ndakuyaga, ndaguhaya nongera nkuhayagiza kuko uri Mudahemuka, kandi nzokwama ndagusenga nongera ngusega imisi yose ivyiza vyinshi, kandi nzokwama nkusaba ikigongwe kugira nzoronke iherezo ryiza n’ubuzima buzohoraho mu myaka n’imyaka. Amen


Ni uhimbarwe kandi uhimbazwe na bose imisi yose na hose kuko urabikwiye, kandi ndagushima kuko ntiwishima kandi ntiwishimiriza nanje nzokwama nkushima nongera nkushimira kuko waranshimishije

Commentaires

Posts les plus consultés de ce blog

Où est allé votre amour scolaire?

La poésie au Burundi

Ma perle rare